Ishirahamwe BMBC ryatanguje umugambi mushasha wo kubakira abantu amazu kw’ideni kubafise amatongo yabo bwite afise impapuro ndangatongo.
Muriryo shirahamwe bavuga ko umuntu wariwe wese afise itongo ryiwe rifise urupapuro ndangatongo ashobra kwitura ishirahamwe BMBC rikamufasha kumwubakira inzu yipfuza kw’ideni.

Mu bisabwa nuko umuntu amenyesha amafaranga asanzwe yinjiza ishirahamwe naryo rigaca rimuha ingurane azoshobora kuriha ufatiye kuyo yinjiza.
Ishirahamwe BMBC rirahaye ikaze abantu bose baba mu Burundi canke mu mahanga basanzwe bafise amatongo afise impapuro ndagatongo kugira bubakirwe amazu kw’ideni.