Umuyobozi mukuru wa BMBC amenyeshako igituma yishikira kuma chantiers yaba ayagitangura kwubakwa canke ayo ibikorwa bigeze kure, ari mu ntumbero yo kuraba ko ivyasabwe n’abakiriya mu masezerano arivyo biriko birakwirikizwa.
Mu kiganiro yagiraniye n’abakora mu gisata co kumenyesha amakuru ca BMBC yavuzeko mu bikorwa bijanye no kubaka umuyobozi abwirizwa kwishikira k’urubuga kugira asuzume ko biriko bigenda neza.
Uwo muyobozi yavuze ati : «Umuyobozi adashika k’urubuga aba ariko ayobora ibintu nabi».
Umuyobozi mukuru wa BMBC yariko yereka abafundi uko inyubako igiye kubakwa
Umuyobozi wa BMBC avuga kandi ko Kugira abantu bubake neza ari mu gihe aba afise abariko bamukwirikirana.
Yavuze ati : « Mw’isuzuma ngira ryo kwishikira k’urubuga ndasuzuma ko ibikorwa bigenda bijana n’uburyo bwateguwe mu vyigwa. »
Uwo muyobozi aheraheza avuga ko kwubaka bidasanzwe kuko atari gusesagura canke kuja munsi y’ivyategekanijwe kwishikira k’urubuga bifasha gukinga amakosa.