Umuyobozi mukuru wa BMBC avuga ko uwubonye ingene bubakira abakiriya babahaye akazi nabo nyene baca bizera iryo shirahamwe mu kuriha akazi.
Ivyo yabishikirije mu gihe yarahejeje kugendera inzu y’umukiriya aba mu mahanga yariko yubakwa n’ishirahamwe ya BMBC.
Uwo muyobozi avuga ko yasanze inzu iriko yubakwa neza kandi ko nyeneyo yabahaye akazi amaze kubona ingene bubakiye umubanyi wiwe.
Yavuze ati : «Abantu bataraduha akazi ni kubera bataradutemberera kugira barabe ibikorwa vyiza vyacu kuko abantu benshi batuzi ntiboreka kuduha akazi.»
Uwo muyobozi avuga ko muri BMBC bakora neza kuko abakozi bamira ku kivi nabo nkabayobozi bakaguma babagendera.
Uwo muyobozi mukuru wa BMBC aheraheza avuga ko intumbero yo kwama agendera abakozi ari kugira arabeko ico yunganira muvy’ubuhinga kugira ntihagire ikintu gicerwa.