Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe BMBC amenyeshako abakiriya benshi bakoresha ivyirwa bijanye n’uburyo bukenewe ku nyubakwa zabo muriryo shirahamwe bemera kubandanya bakorana naryo.
Mu kiganiro yatanze yavuze ko abantu baca muriryo shirahamwe ibikorwa vyabo bikunda gutunganywa naryo kuko ritunganiriza neza abaryituye.
Yavuze ati : « Nta bantu benshi bakoresha muri BMBC hama ngo bagende guha akazi abandi. »
Yabandanije yemeza ko ikibanza bagica kuko igisata kijejwe gukora ivyirwa muri BMBC gisanzwe giteye imbere cane.
Yemeza ko abantu bake mubakoresha ivyirwa muri BMBC aribo bahora bakwepa bakanka ko ivyirwa bakorewe bishobore gushirwa mu ngiro na BMBC ku nyubakwa zabo.
Uwo muyobozi avuga ko ikibazo kiri ku mukiriya aba yanse gukorana n’ishirahamwe kugira inzu yiwe ishobore gutumberezwa neza nkuko bisabwa.
Muriryo shirahamwe bemeza ko imvo aruko hari abakiriya baba bipfuza kubaka inzu bagaca biyumvira amahera iyo nzu ishobora gutwara inyuma yo gukoresha ivyirwa babonye arenze kuyo bari biteze bagaca bahunga.

Muri BMBC bavuga ko ikosa atari ishirahamwe BMBC ahubwo ikosa aruwuba yakoresheje ivyirwa afise ibiharuro vyiwe mu mutwe yiyumvirako bitorenga kandi atari umuhinga muvyo kubaka.
Umuyobozi mukuru wa BMBC atera akamo abakoresha ivyirwa kwemera guhindura ivyo baba bategekanije mu gihe basanze vyobatwara uburyo bwinshi canke gutenyenya bagakwiza uburyo bukeneye kugira yubakirwe inzu ingana n’uburyo afise.