Ishirahamwe BMBC ryaragiraniye amasezerano kur’uno wa mbere igenekerezo rya 25 Gitugutu 2021 n’abakozi bashasha bazokorera ku cicaro gikuru ,kugira umwimbu w’ishirahamwe wiyongere gusumba uko wahora kuko aba clients babandanya biyongera ku mwanya ku mwanya.
Umuyobozi mukuru wa BMBC yavuze ati : «Twongereje abakozi bakora ku cicaro gikuru c’ishirahamwe ryacu kubera aba clients babandanya biyongera umwanya k’uwundi ; twashatse abaza kwongereza inguvu kubera aba clients nabo biyongera cane.”



Yagize ati : « Aba clients biyongeye, twongereza abakozi vyihuta.»
Uwo muyobozi mukuru w’ishirahamwe BMBC yasavye abo bakozi bashasha b’ishiramwe ryacu. gukorana umwete no kw’itanga kugira aba clients babandanya bitura ishirahamwe batunganirizwe.