Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe BMBC yatanze ikiganiro ku kinyamakuru B-NP Media,ico kiganiro cashingiye kuri kahise k’ishirahamwe BMBC n’intambwe rigezeko ubu.
Murico kiganiro,umuyobozi mukuru wa BMBC yashikirije ko yashinze iryo shirahamwe mu ntumbero yo gufasha gukumira amakosa yakunda kubona abantu bubaka bakunda gukora.

Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe BMBC yavuze kandi ko ubu iryo shirahamwe rifise ibisata vyinshi vyigenga ubu bagiye gukomeza ibijanye no gukoresha ivyuma vya bigenewe (mécanisation de l’entreprise) mu gukora ibintu n’ibindi nko gukora beto hakoreshejwe imashini.