Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe BMBC asaba abantu na cane cane urwaruka kutasuzugura akazi kuko ako umuntu asuzugura gashobora kumuteza imbere.
Mu kiganiro «Ntahokatarondererwa» c’iradiyo y’Abongereza BBC,umuyobozi wa BMBC yavuze ko kugira atanguze iryo shirahamwe arongoye kwabaye kurinduka kuko yatanguje amafaranga ibihumbi 50 vy’amarundi gusa yo kwandikisha iryo shirahamwe.

Uwo muyobozi yavuzeko ubu ishirahamwe ryateye imbere k’urugero rushimishije kandi rikoresha abakozi batari bake naho ryatanguye ataco rifise.
Murico kiganiro uwo muyobozi yateye akamo urundi rwaruka kudasuzugura akazi ruzoba ruronse ahubwo ruzogakore kuko gashobora kubaviramwo gutera imbere.