Bujumbura
Bujumbura
Gitega
+257 79 50 02 27 Mon - Fri 09:00 - 17:00 Kigobe Sud, Boulevard MWAMBUTSA, Avenue MURWI B.P 2011 Bujumbura
+257 79 500 227 Mon - Fri 09:00 - 17:00 Etage kwa Kodja(koca) 1èr étage bureau Numero 3, Gitega - Burundi
Bujumbura
Bujumbura
Gitega
+257 79 50 02 27 Mon - Fri 09:00 - 17:00 Kigobe Sud, Boulevard MWAMBUTSA, Avenue MURWI B.P 2011 Bujumbura
+257 79 500 227 Mon - Fri 09:00 - 17:00 Etage kwa Kodja(koca) 1èr étage bureau Numero 3, Gitega - Burundi
Identification Fiscale
NIF 4000126005
The Best
#1 MU KWUBAKA
Numbero #1
Mu Burundi
Saba Devis

Umuyobozi mukuru wa BMBC asaba abakozi kwama bungura ubumenyi.

Umuyobozi w’ishirahamwe BMBC asaba abakozi b’iryo shirahamwe bakorera ku mashantiye atandukanye  kwama bungura ubumenyi kugira ibikorwa barangura bigume bijana n’igihe mu ntumbero yo gushimisha abakiriya bacu.

Ivyo yabishikirije kur’uyu wa gatandatu igenekerezo rya 23 Gitugutu 2021 aho abakozi ba BMBC bakorera ku mashantiye atandukanye  bari bishikiye ku cicaro gikuru c’iryo shirahamwe m ntumbero yo guhabwa impanuro zitandukanye zijanye n’akazi kabo ka minsi yose.

Uwo muyobozi w’ishirahamwe BMBC yaboneyeho akaryo ko gusaba abo bakozi kwama bitwararika ibikorwa bajejwe bakabikorana ubwira hamwe n’ubukerebutsi bwinshi kugira abanywanyi b’ishirahamwe bashimishwe n’ibikorwa vyiza ishirahamwe ribakorera.

Bimwe mu bibazo abo bakozi babajije umuyobozi w’ishirahamwe BMBC n’ibijanye no kubura uburaro kuri bamwe iyo bari ku bikorwa, aho umuyobozi wa BMBC yababwiye ko umuti w’ico kibazo ugiye kuboneka vuba.

Umuyobozi wa BMBC yagize ati : « Ikibazo kijanye n’uburaro kigiye gutorerwa umuti vuba mu misi iza. »

Mwomenya ko umuyobozi w’ishirahamwe BMBC ashimishwa cane kubona abakozi b’iryo shirahamwe bakorera aharangurirwa inyubako basigaye bafise ubuzima bwiza aho bamwe bashinze ingo zabo bongera bararangura imigambi itandukanye mu ngo zabo .

About the author

Experienced Repair Specialist with a demonstrated history of working in the architecture & planning industry. Skilled in Meters, Blogging, Adobe Premiere Pro, Interior Design, and ArchiCAD. Strong operations professional with a High School Diploma focused in Génie civil from ETP Gitega.

Leave a Reply