Bujumbura
Bujumbura
Gitega
+257 79 50 02 27 Mon - Fri 09:00 - 17:00 Kigobe Sud, Boulevard MWAMBUTSA, Avenue MURWI B.P 2011 Bujumbura
+257 79 500 227 Mon - Fri 09:00 - 17:00 Etage kwa Kodja(koca) 1èr étage bureau Numero 3, Gitega - Burundi
Bujumbura
Bujumbura
Gitega
+257 79 50 02 27 Mon - Fri 09:00 - 17:00 Kigobe Sud, Boulevard MWAMBUTSA, Avenue MURWI B.P 2011 Bujumbura
+257 79 500 227 Mon - Fri 09:00 - 17:00 Etage kwa Kodja(koca) 1èr étage bureau Numero 3, Gitega - Burundi
Identification Fiscale
NIF 4000126005
The Best
#1 MU KWUBAKA
Numbero #1
Mu Burundi
Saba Devis

Umuyobozi ajejwe ubuhinga mw’ishirahamwe BMBC atera akamo abantu batandukanye kwitabira umugambi mushasha wo kububakira kw’ideni ku bafise amatongo yabo bwite afise impapuro ndangatongo (Titre de propriété).

Ivyo yabishikirije inyuma yaho igisata kijejwe kumenyesha amakuru kimugendeye aho yariko akurikirana ishantiye.

Ubuyobozi bw’ishirahamwe BMBC buvuga ko inyuma yaho butanguje umugambi wa BMBCHOMES hariho abantu basavyeko nabo bobubakira amazu asa nayo muruwo mugambi ariko mu matongo yabo.

Muri BMBC bavuga ko inyuma y’ico ciyumviro ubu baronse uko bashobora kubafasha kwubaka mu matongo yabo kw’ideni ariko ku matongo afise impapuro ndangatongo.

Ibisabwa kugira umuntu yubakirwe kw’ideni muruwo mugambi nuko aba ashoboye kuriha ideni ashaka gusaba ariko akamanza kugirisha ivyirwa vyerekana uburyo inzu ashaka kwubaka buzotwara.

Ubwo buyobozi buvuga ko igisata kijejwe gutunganya ivyirwa kibanza gukorera  ivyirwa umukiriya kugira amenye uburyo inzu yiwe izotwara agasabwa kugira konte muri banki ya BGF izokorana na BMBC muri uwo mugambi.

Muri iryo shirahamwe bavuga ko gutanga ideni bazokwisunga ivyirwa vyakozwe vy’inzu umukiriya azoba yipfuza ari naco gituma  imbere y’ibindi vyose umukiriya abanza kumenya uburyo buzokenerwa ku nzu yiwe.

About the author

Leave a Reply