Umwe mu bakozi b’ishirahamwe BMBC amenyeshako iryo shirahamwe ryabafashe nk’ibibondo ryavyo kuko ryabahaye ubumenyi bwinshi mu bintu bitandukanye bituma bashobora gukora ibikorwa vyose bajejwe.
Mu kiganiro n’igisata kijejwe kumenyesha amakuru ca BMBC aho camusanze ku nyubakwa yo hagati mu gihugu, yavuze ko muri BMBC bamwigishije baramumenyereza kugeza aho aba umufundi akwirikirana abandi ku mashantiye.


Uwo mukozi yemeza ko yatanguye gukorera muriryo shirahamwe kuva mu mwaka wa 2018 kuva ico gihe yagiye aramenyerezwa ku mashantiye atandukanye ubu asigaye ahagararira inzu yaba izisanzwe cane zigeretse.
Murico kiganiro yaheraheje asaba abantu bari mu mihingo itandukanye y’igihugu kwitura ishirahamwe BMBC kugira ribatunganirize imigambi yaryo.