Umwe mubahagararira ibikorwa vy’inyubako z’ishirahamwe BMBC avuga ko yaje muriryo shirahamwe ari umufundi ariko aguma ahabwa ivyirwa vyo kwungura ubumenyi.
Uwo mukozi w’ishirahamwe BMBC avuga ko ivyirwa yagiye araronswa n’ishirahamwe hamwe nugukorera ahatandukanye bibafasha gukora neza cane.
Uwo mukozi yavuze ati :«Ubu nsigaye mpagarira amashantiye ni kubera nigishijwe hamwe n’ubumenyi nahawe niri shirahamwe nongera mba umwizigirwa. »
Mu kiganiro yavuzeko abamwigishije bamwizeye kuko babonyeko ubumenyi bamuhaye butapfuye ubusa.
Uwo mukozi wa BMBC abandanya avuga ko nabo bigisha abandi kugira bazohagararire ayandi mashantiye mu gihe baba batari hafi.
Uwo mukozi atera akamo abafise imigambi yo kubaka kwitura BMBC kugira ribubakire neza nkuko bavyipfuza.