Umwe mubanyeshure b’ishirahamwe BMBC biga igifundi w’umukenyezi, yemeza ko azosohoka iryo shure ari inkerebutsi mu kubaka kuko abigisha babitwararika mu kubaronsa ubumenyi bukwiye.
Uwo munyeshure asanzwe ari umukenyezi avuga ko yaje gusaba akazi muri BMBC ari umuyede arakaronswa ariko ubu ashima kubona ariko yiga igifundi.
Uwo munyeshure arashima ko umuyobozi mukuru w’ishirahamwe BMBC yamurindishije amusaba kwiga igifundi.
Uwo munyeshure w’iryo shirahamwe BMBC avuga ko ashimira kandi abakiriya babandanya baha akazi ishirahamwe BMBC hamwe nabariko biyumvira gutanga akazi kuriryo shirahamwe.
Uwo mukenyezi yiga igifundi aheraheza abwira abakiriya ba BMBC ko abafundi babishoboye bahari kandi nabaguma basohoka ishure ry’igifundi ari inkerebutsi babishoboye kubw’ivyo bakwiye kwizera cane ishirahamwe BMBC.