Hashtag y’iyi projet ku mbuga zitandukanye izoba ari #BMBCHOMES

BMBC ni ishirahamwe rikorera mu gisata co kwubaka amazu (architecture et construction) kuva mu mwaka w’ 2012.Turi n’aba mbere mu gihugu batanguye ivyo kwubakira amazu abantu duhuriye kuri internet, tukaba rero kuva mu 2012 tumaze kwubakira amazu abantu benshi harimwo abasanzwe baba mu Burundi hamwe n’abarundi baba mu mahanga. Abubaka amazu bakaba baradukunze cane batuzeza ibikorwa vyinshi kuko ata numwe turigera duhemukira. Kugeza ubu twahora twubakira amazu abantu bifitiye ama parcelles yabo bwite bonyene. Nk’ abari mu mahanga bamwebamwe badukunda vyaranse ko dukorana kuko baza bakeneye ko impande yo kububakira amazu BMBC ibanza kubaronsa amaparcelles, batinya kuyatuma aba na bariya kuko batinya kwibwa canke kwononerwa utwabo.

Muri iyo myaka rero twagiye turahura n’abarundi baba mu bihugu bitandukanye bipfuza kuronka amatongo afise ivya ngombwa kandi atunganije neza kugira bashobore gukoreramwo imigambi yabo.
Abandi nabo bamaze imyaka badusaba amazu yo kugura aheze tukayabura kuko tutaribwagire ubushobozi bwo kuronka ikibanza co kwubakamwo hamwe n’uburyo bwo kwubaka amazu.

Projet BMBC HOMES 2021 GAHAHE BUJUMBURA ije rero kwerekana umwitwarariko BMBC ifise wo gukora ihuje n’ivyo aba clients bayo bashaka. BMBC ikaba ishatse kwereka aba clients bacu n’abandi badukunda kandi bipfuza kubona igihugu cacu gitunganijwe neza, ko abahinga bahari muri BMBC kandi ko botwitegako ibitari bike bafatiye kuri iyi mponjo tubahaye.
Iyi projet ituma umuntu yipfuza inzu ashobora kutwitura n’aho atoba yari asanzwe afise parcelle.
Ivyirwa bijanye n’uno mugambi vyakozwe n’abakozi ba BMBC mu kiringo c’ukwezi kumwe bikaba vyerekana umwete n’ubuhinga abakozi ba BMBC bakorana.
Uwo mwete n’ubuhinga ni navyo vyatumye abarundi badukunda kugera aho turonka ubushobozi bwo gutunganya umugambi nk’ uyu.
AMAZU YA BMBC HOMES 2021 GAHAHE AZOBA AMEZE GUTE

-Nkuko aboneka ku gicapu aya mazu azoba ari mu buryo bwa étage igeretswe kabiri (R+2).
Twagize iyigeretse kabiri kugira dushobore kuyubaka ari matomato gutyo haboneke akayaga mu rupangu n’ikibanza gikwiye co guhagarikamwo imiduga.
-Ayo mazu arafise ikibanza co kwubakamwo piscine kuba clients bavyipfuza
-Ayo mazu azoba yubatswe mu buryo bukomeye kandi azoba akingiwe ingorane zimwezimwe nka humidité des murs, kuva,…
-Mu rupangu hazoba hakozwe n’amabarabara akoze muri beton ziramba caane.
-twarasigaje ibibanza bikwiye vyo guteramwo ibiti n’amashurwe canke ivyamwa
-aya mazu azoba akikujwe na Cloture
-ayo mazu azoba afise un système de caméras de surveillance et un système d’alerte izotuma abahaba boroherwa kuko hazoba hakingiwe.

-amabarabara yo hanze azoba akozwe nayo nyene muri beton ziramba
-hazoba hari ibibanza bikwiye vyo gutwara amazi y’ imvura
-ayo mazu azoba afise ama barzas menshi kandi yagutse.
-kuri portail z’ayo mazu hazojako ubuhinga butuma umuntu ari mu nzu abona umuntu ariko aradodora kuri portail.
-ayo mazu kandi abayabamwo ntibazokenera guhamagara kuko umwe wese azoba afise ubuhinga bwo kuvugana n’uwuri mu kindi cumba canke muyindi étage
Uburinganire bw’ibivyumba bizoba biginze izi nyubakwa
REZ DE CHAUSSEE
barza de séjour : 2*5 = 10m²
Salon principal : 4,8*7,6 = 36,48m²
Chambre visiteur : 2,8*3,8 = 10,64m²
Salle de bain visiteur : 1,7*1,8 = 3m²
Cuisine : 3,5*2,7 = 9,45m²
barza de service : 1,7*3,8 =6,46m²
Stock : 1,8*2,5 = 4,5m²
Salle à manger : 2,5*4,8 = 12m²
WC commune : 1,5*1,5 =2,25m²
Cage d`escalier : 2,25*6 = 13,5m²
PREMIER ETAGE
Chambre 1 ou principale : 4,8*6,3 = 30,24m²
Chambre 2 : 3*4,8 = 14,4m²
Chambre 3 : 3,5*4,5 = 15,75m²
Salle de bain pour la chambre 1 : 1,5*3,5= 5,25m²
Vestiaire pour la chambre 2 : 1,8*3,5 = 6,3m²
Salle de bain pour la chambre 2 :1,6*2,3 = 3,68m²
Salle de bain pour la chambre 3 : 1,6*2,3 = 3,68m²
Cage d`escalier : 6*2,25 = 13,5m²
Terrasse pour la chambre 1 : 1,5*7,20 = 10,8m²
Couloire : 1,1*4,8 = 5,28m²
DEUXIEME ETAGE
Salon secondaire : 5*4,8 = 24m²
Chambre 1 : 4,8*3,8 = 18,24m²
Chambre 2 : 4,8*3 = 14,4m²
Bureau : 3,5*2,4 = 8,4m²
Salle de bain pour la chambre 1 : 3,3*1,5 = 4,95m²
Salle de bain pour la chambre 2 : 3,3*1,5 = 4 ,95m²
Cage d’escalier : 6*2,25 = 13,5m²
Terrasse pour le deux chambre : 1,5*7,20 = 10,8m²
Terrasse pour le salon : 2*5 = 10m²
Couloir 2,7*1,1 = 2,97m²

Hazoba kandi ikibanza ca bose co guhuriramwo no kwinonora imitsi kizoba kigizwe n’ibi bikurikira :
-piscine nini
– aho umuntu ashobora kwivunira akanyota hirya no hino ya piscine
-salle yo kwinonoreramwo imitsi (gym)
-une bibliotheque
-une salle de reunion ou de cinema