Bujumbura
Bujumbura
Gitega
+257 79 50 02 27 Mon - Fri 09:00 - 17:00 Kigobe Sud, Boulevard MWAMBUTSA, Avenue MURWI B.P 2011 Bujumbura
+257 79 500 227 Mon - Fri 09:00 - 17:00 Etage kwa Kodja(koca) 1èr étage bureau Numero 3, Gitega - Burundi
Bujumbura
Bujumbura
Gitega
+257 79 50 02 27 Mon - Fri 09:00 - 17:00 Kigobe Sud, Boulevard MWAMBUTSA, Avenue MURWI B.P 2011 Bujumbura
+257 79 500 227 Mon - Fri 09:00 - 17:00 Etage kwa Kodja(koca) 1èr étage bureau Numero 3, Gitega - Burundi
Identification Fiscale
NIF 4000126005
The Best
#1 MU KWUBAKA
Numbero #1
Mu Burundi
Saba Devis

Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe BMBC amenyeshako iryo shirahamwe arongoye gushika ubu rifise abakozi 13 bakorera kuri biro vy’ishirahmwe hamwe n’abakozi 150 bakorera ku mashantiye atandukanye buri kwezi.

Mw’ijambo yashikirije kw’igenekerezo rya 2 Nzero 2022 aho abakozi bose abakorera kuri biro hamwe n’abakorera ku mashantiye bahurira hamwe mu ntumbero yo kwirimbura,kwiginana umwaka mushasha wa 2022 hamwe no guhanahana ivyiyumviro kugira BMBC igume itera imbere.

Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe BMBC yavuze ko iryo shirahamwe ryatanguye mu kwezi kwa munani 2012 ariwe atanze iciyumviro kandi akora wenyene.

Uwo muyobozi yavuzeko ishirahamwe BMBC igitangura ata mahera yinjiza kandi ibwiye abantu ko yatanguje umugambi w’ishirahamwe ryubaka abenshi bitwengera abandi bakamwita umusuma.

Muriryo jambo umuyobozi wa BMBC yavuzeko mu myaka yakurikiye iryo shirahamwe ryateye imbere bimwe bishimishije ariko hashitse mu mwaka wa 2015 ivyashikiye igihugu vyagize ingaruka igisata co kubaka naco kirasubira inyuma.

Uwo muyobozi abandanya avuga ko gushika ubu ishirahamwe BMBC rifise ibikorwa vyinshi ririko rirarangura kandi imirimo izoguma yiyongera kubera amasezerano yateguwe yimirije gushigwako imikono.

Nk’umuyobozi mukuru w’ishirahamwe BMBC , nkaba nemeza ko iyo ntambwe twoyishimira kuko atari amashirahamwe menshi akorera mu gisata co kwubaka amazu ashobora kumara imyaka abakozi bayo batagiye muri chômage.

Uwo muyobozi aheraheza avuga ko intambwe ishirahamwe rigezeko barishima kuko amashiramwe menshi atamara ikiringo kinini abakozi baryo batabuze imirimo.

About the author

Leave a Reply