Ishirahamwe ry’abarundi baba mu mahanga (diaspora burundaise) ryagendeye ahari umugambi BMBCHOMESBujumbura-Gahahe2021 mu ntumbero yo kwibonera aho uwo mugambi ugeze.
Icegera c’uwurongoye iryo shirahamwe Jean Berchimas MANIRAKIZA yaserukiye umukuru waryo ku rwego rw’isi yashikirije ko abarundi baba mu mahanga bipfuza kugira inzu mu gihugu c’amavukiro babatumye kubafasha kurondera abobafasha kububakira babizigirwa.
Jean Berchimas MANIRAKIZA yavuze ati:”Kugira wubake uri mu mahanga kubikurikirana biragoye kandi hariho benshi bamaze kunyagwa aho uwo batumye acakoresha uburyo bwarungitswe ibindi bintu vyiwe.”




Ico cegera c’uwurongoye diaspora y’abarundi kw’isi avuga ko kubera uko kunyagwa abarundi baba mu mahanga basavye abarongoye iryo shirahamwe ry’abarundi baba mu mahanga kubafasha kugira uwushaka kubaka bimworohere.
Jean Berchimas MANIRAKIZA avuga ko bamaze gukora amatohoza babonye kuri siteweb ishirahamwe BMBC rifise ubuhinga bukomeye hamwe n’uburambe muvyo kubaka bashimyeko abarundi baba hanze bogura amazu muri BMBCHOMES2021Bujumbura-Gahahe.