Bujumbura
Bujumbura
Gitega
+257 79 50 02 27 Mon - Fri 09:00 - 17:00 Kigobe Sud, Boulevard MWAMBUTSA, Avenue MURWI B.P 2011 Bujumbura
+257 79 500 227 Mon - Fri 09:00 - 17:00 Etage kwa Kodja(koca) 1èr étage bureau Numero 3, Gitega - Burundi
Bujumbura
Bujumbura
Gitega
+257 79 50 02 27 Mon - Fri 09:00 - 17:00 Kigobe Sud, Boulevard MWAMBUTSA, Avenue MURWI B.P 2011 Bujumbura
+257 79 500 227 Mon - Fri 09:00 - 17:00 Etage kwa Kodja(koca) 1èr étage bureau Numero 3, Gitega - Burundi
Identification Fiscale
NIF 4000126005
The Best
#1 MU KWUBAKA
Numbero #1
Mu Burundi
Saba Devis

Ishirahamwe BMBC risigaye ritumwako kugira rishingire intahe amakoperative ashaka kwiyungunganya.

Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe BMBC amenyeshako abantu bari mu makoperative batijukiye kwungura ubumenyi ata terambere bashikako.

Ivyo yabishikirije kuruno wa gatatu igenekerezo ya 8 Kigarama 2021 mu ruganda rwo gukaburira ubumenyi abakorera mu ma koperative atandukanye.

Umuyobozi mukuru wa BMBC yavuzeko intambanyi abatunganya imigambi bagira aruko bigana imigambiy’abandi kandi batazi uko yatunganijwe n’abayitanguye.

Uwo muyobozi mukuru wa BMBC avuga ati :«Ntimwigane imigambi y’ayandi makoperative canke amashirahamwe ahubwo jane ivyiyumviro vyanyu mwicare n’abandi  mubiryohore . »

Umuyobozi mukuru wa BMBC yavuzeko hako umuntu akurikira ivyiyumviro vy’abandi vyiza yiyumvira ibindi vyiyumviro kugira aterere abandi.

Yavuze kandi ko gutanguza imigambi mishasha mu kibano bituma abantu mu kibano baca baguhurumbira ariko bisabwako ubwawe ubimenyekanisha.

Mururwo ruganda uwo muyobozi yashikirije kandi ko uwutanguza umugambi aba akunda umuryango ,ikibano hamwe n’igihugu kuko umuntu atunganya imigambi ku nyungu z’abandi.

Uwo muyobozi wa BMBC yaheraheje atera akamo abashaka kwiyungunganya kumenyekanisha ivyo bakora ku mbuga ngurukanabumenyi kugira ivyo bakora bimenyekane

About the author

Leave a Reply