Ishirahamwe BMBC rimenyeshako abakozi baryo bamenyerezwa mu bisata bitandukanye kugira baronke ubumenyi mu bisata bitandukanye bishobore kumworohera gutanga intererano muri buri gisata mu gihe bikenewe.
Muriryo shirahamwe bavuga ko umuyobozi ajejwe ubuinga yagiye gukorera kuri shantiye mu ntumbero yo gufasha ibikorwa bigende neza kubera uwarasanzwe ahagarariye iyo nyubakwa yafatiwe bikomeye.


Iyo nyubakwa ibikorwa vyaryo bigeze kure aho bageze ku nyubakwa yo hejuru igira gatatu, mu minsi mike iza ikazoba itanguye gusakarwa.
Uwo muyobozi yarahagarariye iyo nyubakwa yavuze ko ibikorwa birugenze inyuma yo kuyisakara bazoca batangura ibikorwa vyo guheraheza.