Ishirahamwe BMBC rikora ibishoboka kugira umukozi ashobore gukora neza akazi kiwe mu kumuronsa umwambaro mwiza umufasha kumukingira mu bikorwa vyose aba ariko arangura.
Nico gituma muriyo ntumbero ishirahamwe BMBC rikora ibishoboka mu kwita k’urutare kugira abakozi baryo bakore bikwije.

Ishirahamwe BMBC rizoguma rikora ibishoboka kugira ibikoresho vyose abakozi bakenera babironswe kugira bakore bari mu mutekano bifashe gutanga umwimbu ushimishije kw’ishirahamwe hamwe no kubakiriya.