Bujumbura
Bujumbura
Gitega
+257 79 50 02 27 Mon - Fri 09:00 - 17:00 Kigobe Sud, Boulevard MWAMBUTSA, Avenue MURWI B.P 2011 Bujumbura
+257 79 500 227 Mon - Fri 09:00 - 17:00 Etage kwa Kodja(koca) 1èr étage bureau Numero 3, Gitega - Burundi
Bujumbura
Bujumbura
Gitega
+257 79 50 02 27 Mon - Fri 09:00 - 17:00 Kigobe Sud, Boulevard MWAMBUTSA, Avenue MURWI B.P 2011 Bujumbura
+257 79 500 227 Mon - Fri 09:00 - 17:00 Etage kwa Kodja(koca) 1èr étage bureau Numero 3, Gitega - Burundi
Identification Fiscale
NIF 4000126005
The Best
#1 MU KWUBAKA
Numbero #1
Mu Burundi
Saba Devis

Intambwe zigize umugambi wo kwubaka.

Kwubaka inzu yaba inzu ya mbere (premier logement), canke ari abasanzwe barubatse, murazi ko bitigera vyoroha. Nico gituma ishirahamwe BMBC nk’uko mubizi rikorera k’umugaragaro muri vyose. Turagaruka ku ntambwe zitandukanye, kandi za nkenerwa ubwirizwa gutera nimba ushaka gukorana na ryo mu mugambi wawe wo kwubaka.

Kurikirana birahambaye kugira ntucikwe na kimwe muri ibi bikurikira. Ubwa mbere hoho, utegerezwa kubanza kutuvugisha imbere y’uko tubonana. Hari uburyo butandukanye mushobora gukoresha mukutuvugisha. Aho rero haba hasigaye ko muza kuturaba aho dukorera. Rero ikibanza conyene cemewe ko muza ni ku cicaro gikuru c’ishirahamwe BMBC.

Naho imbere y’uko mudusanga ku biro, rimwe na rimwe usanga twarayaze ibijanye n’uwo mugambi wanyu. Ico gihe rero niho duheza tukayaga vyinshi vyerekeye uwo mugambi wanyu, aho mutuyagira inzu mwifuza uko izoba imeze. Haba ukuntu izoba yubatse inyuma, canke ukuntu izoba isikuye indani. Muri ku cicaro gikuru muyaga n’urwego rujejwe gutanga amakuru rufadikanijwe n’urujejwe imigero n’ubwubatsi.

Iyi reresi ikurikira, ijanye n’aya mayagwa murashobora kuyikurikirana mu kuyifyondako:
Ividewo ijanye n’ano mayagwa.

Intambwe ikurikira nayo ikaba ari ukuja kuraba ikibanza mushaka kwubakamwo. Iyo mwatugendeye hakiri kare ni ukuvuga mu masaha ya kare y’intango y’umusi; kandi ikibanza canyu kikaba giherereye mu karere icicaro gikuru gisanzwe kirimwo, duca dutunganya ibijanye no kuja kugendera ico kibanza. Hariho ibisabwa kanaka ivyo navyo umuntu akaba abimenyeshwa amaze gushika aho dukorera. Tumaze gushika aho mwifuza kurangurira uwo mugambi, turafata ibipimo bitandukanye harimwo n’amasanamu bizodufasha kwibuka neza imero y’ico kibanza.

Rero nk’uko bibandanya bikurikirana, iyo twahejeje kubona ikibanza duca tuyaga ku bisabwa kugira tugukorere ivyirwa nyezina. Iyo ivyo tubihurijeko duca dutangura ibikorwa nyezina, navyo bikaba bigizwe no gufata vya vyiyumviro vyawe tukabishira mu mpapuro. Gutyo uca utangura kubona inzu yawe, hifashishijwe ibicapu. Ibicapu bimaze gutunganywa, urwego rujejwe gutanga amakuru ruca rwiyemeza ko umukiriya aronka ivyo bicapu kugira agire ico abivuzeko.

Iyo ibicapu biheze maze bikemezwa, haca hatunganywa igitabu gitomora neza inyubakwa ukuntu izoba yubatse. Mu gihe yoba ari inzu igeretse niho ico gitabu gikenerwa. Rero nk’uko mubibona aho haruguru ku masanamu, imbere y’uko ico gitabu gitunganywa, igisata ca leta kijejwe ivy’inyubako mu rwego rwaco rwitaho ibijanye n’agataka rurabanza rugashika aho tuzokorera uwo mugambi. Maze abafundi barwo bakegeranya ibiharuro bizobafasha gutora ubwoko ndetse n’ubushobozi iyo si ifise bwo kwikorera ibintu. iyo izo ntambwe zose zamaze guhera niho haca hatangura igice kidakwiye kwirengagizwa na gato. Ico naco kikaba cisunga ibiciro biri ku masoko. Uguharura amahera inyubakwa izotwara bigirwa iyo ivyo vyose twahejeje kudondagura aho hejuru, vyamaze gushirwako icemezo ca nyuma. Naho benshi usanga iyo babonye igicapu baca bihutira kubaza amahera vyobatwara. Barakwiye kwibuka ko kumenya igiciro c’inzu bitangwa n’ibintu vyinshi, kuko inzu irashobora kuba icapuwe kumwe ariko kubera itubatswe mu kiringo kimwe n’iyindi canke akarere kamwe ibiciro bigatandukana.

Iyo ivyo vyose birangiye; haba hagezweho intambwe ihamabaye cane, iyo nayo ikaba ari iyo kwemeza ko twebwe (ishirahamwe BMBC ) twakoze ivyirwa tuzokwongera tukamwubakira inyubakwa. Aho rero haca hategurwa amasezerano aca aterwako ibikumu n’impande zose maze ibikorwa bigaca bitangura.

About the author

Experienced Repair Specialist with a demonstrated history of working in the architecture & planning industry. Skilled in Meters, Blogging, Adobe Premiere Pro, Interior Design, and ArchiCAD. Strong operations professional with a High School Diploma focused in Génie civil from ETP Gitega.

Leave a Reply