Turacapura amazu atandukanye manini na matoya, turakora ivyirwa bijanye n’ubukomezi bw’amazu(etudes de la structure) tutibagiye no guharura ibikoresho hamwe n’amafaranga yose inzu izotwara gushika iheze neza.
Kwubaka no guheraheza amazu, turakora décor intérieur et exterieur, tugatunganya ama parking k’ubuhinga bwa none, tugatunganya ubusitani(jardin), turubaka ibikoni bigwezeho k’urwego mpuzamakungu, turashira ubuhinga ngurukanabumenyi, no guterefonana muri munzu imwe, tutibagiye no gucungera inzu biciye k’ubuhinga bwa kamera.
Turashira amatara y’imishwarara y’izuba mu mazu asanzwe, amagorofa, ama Hotel canke inyubako za Leta.