Ishirahamwe BMBC rivuga ko abakozi baryo ata kibazo na kimwe bagira iyo bari ku mirimo yabo kuko yabahaye ubumenyi bukwiye kuburyo bari mu bikorwa ata mpungenge canke ubwoba bagira.
Naho ivyo baba barize mu mashure biba bitajanye n’ivy’inyubako, muriryo shirahamwe bemeza ko abakozi bose baha akazi bamanza gutegurwa imbere yo gutangura gutyo bigafasha gukora neza ibijanye no kubaka ata mpungenge bitera.

Muvyo iryo shirahamwe ryigisha abo bakozi harimwo ibijanye no gucapa, gutegura ivyirwa, kwiga ibijanye n’ubuhinga bwa none hamwe no kwiga intambuko zose zijanye no kwubaka.
Iryo shirahamwe risaba abantu bari mu mihingo itandukanye y’igihugu kuryitura kugira ribatunganirize kuko imirimo yaryo yivugira kandi risanzwe ritunganiriza neza abaryituye.