Abakozi b’ishirahamwe BMBC imbere yuko batangura akazi,imbere y’ibindi vyose batangura gukora inama yo kurabira hamwe ibikorwa bakora ku munsi wose.

Igikorwa kijanye no gutunganya inama imbere yo gutangura akazi kirafasha cane kugira akazi karangurwe neza kandi bituma abakozi bahanahana ivyiyumviro ku bintu bitandukanye.
Mwomenya ko inama itangurira ibikorwa vyose ifasha mu kurwiza umwimbu w’ishirahamwe kandi bikomeza ugukorana neza hagati y’abakozi.