Ishirahamwe BMBC risanzwe ritunganiriza abakiriya baryo mu kubashirira mu ngiro ivyo baritumye bijanye n’ubuhinga bwa none.
Nkuko iryo shirahamwe ryabasezeraniye mu magambi wa BMBCHOMES2021BUJUMBURA-GAHAHE , amazu azoba arimwo ubuhinga bwa none bugezweho, hamwe n’ibintu vya kijambere.
Nko kubijanye n’ubuhinga bwo gutumatumanako ku bantu bari mu vyumba bitandukanye vy’inzu imwe,iryo shirahamwe risanzwe ribitunganya ku bakiriya batandukanye kandi risanzwe ribimenyereye kubishira mu ngiro muruwo mugambi azoba ari gukora ivyo rimenyereye.






Iryo shirahamwe riratumiye abashaka kwinjira mu mugambi wa BMBCHOMES2021BUJUMBURA-GAHAHE kuko uzoba urimwo ibintu vyose bijanye n’ubuhinga bwa none bugezweho, abantu benshi bipfuza gukoresha.
Abipfuza kuja mu mugambi wa BMBCHOMES2021BUJUMBURA-GAHAHE ntibitinye kuko ibintu vyose bizoba biri murico kibanza.