Umukozi w’ishirahamwe BMBC asaba abakiriya kurekera abahinga bajejwe ivyo kubaka abe aribo babaharurira ibijanye n’uburyo imigambi yo kubaka bukenerwa.
Mu kiganiro n’igisata kijejwe kumenyesha amakuru muri BMBC,uwo mukozi yavuze ko ibintu bijanye n’inyubako bisaba kwitonda n’ubukerebutsi kugira inzu izokubakwa izorambe.
Yavuze ati: “Hariho abatazi akamaro ko guharurirwa uburyo bukenerwa mu kubaka,inzu iramba iharuriwe neza.”
Yabandanije avuga ko kugira inzu irambe bisaba ko abahinga babigenewe bayikorera ibiharuro kugira bizoyifashe kuramba.
Zimwe mu ngorane ico gisata kijejwe ivyigwa n’izijanye nugusabwa kunyarutsa ibicapo kandi navyo bitegerezwa kwitonderwa mu bintu bikorwa.
Uwo mukozi wa BMBC aheraheza atera akamo abafise imigambi yo kubaka kurekera abahinga mu kubaka abe aribo babaharurira uburyo bukenewe.