Bamwe mu bakozi b’ishirahamwe BMBC bavuga ko bakorera mu bumwe n’umwumvikano kandi ko hagize akabakiye umwe muribo yitura abandi kugira bafashanye.
Mu kiganiro abo bakozi bagiraniye n’abajejwe kumenyesha amakuru muri BMBC, bavuze ko bakorana umwete ibikorwa bajejwe mu bumwe n’umwumvikano.
Abo bakozi ba BMBC bavuga ko uko gukorera mu bumwe bituma ibikorwa bariko barangura bitera imbere bigahera ku kiringo categekanijwe.
Umwe muribo yavuze ati : «Ahari ubumwe umuhoro uramwa,ahari ubumwe n’umwumvikano bituma ibikorwa n’akazi bigenda neza.»
Babandanya bavuga ko gukorera hamwe mu mwumvikano bituma n’ishirahamwe BMBC ritera imbere ata buhombe rishobora kugira ,inzu iriko yubakwa ikamera neza kandi n’abakozi baca baronka agahembo kabo neza. Abo bakozi batera akamo abatazi BMBC kurironsa akazi kuko rikorera ibikorwa neza abaryituye.