Abakiriya babandanya bitura ishirahamwe BMBC kugira ribandanye ribatunganiriza imgambi yabo ijanye no kububakira inyubakwa bipfuza na cane cane inyubakwa za kijambere zigezweho.
Aba enjeniyeri b’ishirahamwe BMBC bishikiye ku kibanza aho ryimirije kurangurira umugambi kugira bashobore kuronka ibipimo nyavyo bizofasha mu gutunganya imigero y’inyubakwa izokubakwa.



Abantu bose bipfuza kugira ivyirwa vy’inyubakwa ndende,ibiraro n’ibindi barahawe ikaze mw’ishirahamwe BMBC kugira rishire mu ngiro imigambi yavyo.