Abakozi b’ishirahamwe BMBC bavuga ko bashima intunganyo iri muriryo shirahamwe ijejwe guteza imbere abakozi b’ishirahamwe bose ata numwe asigaye biciye mu kubaha inyigisho.
Umwe murabo bakozi avuga ko ishure rigategura abayede kuba abafundi hamwe niryigisha abafundi bashasha kumenyera gukora nkuko abakozi ba BMBC batunganya ibikorwa ribagirira akamaro.
Yavuze ko bashima amashure yose y’ishirahamwe BMBC afasha abakozi batandukanye gukarihirizwa ubwenge kuko bituma ishirahamwe ritera imbere.
Uwo mukozi yavuze ati : «Nta numwe atohimbarwa no kubona urugero yatanguriyeko yararuvuyeko aja ku rwego rwo hejuru .»
Uwo yashikirije ivyo avuga ko yatanguye ari umufundi asanzwe ariko kubera yaciye murayo mashure yose ubu asigaye ahagararira zimwe mu nyubako z’iryo shirahamwe.
Uwo mukozi wa BMBC asaba bagenzi we kwijukira kwiga iniyigisho zitangwa muri BMBC mu gushira umutima ku kazi no ku bikorwa babe abizigirwa kugira iterambere riboneke kuri BMBC n’abakozi baryo