Umuyobozi ajejwe ivy’ubuhinga mw’ishirahamwe BMBC arashimira abakiriya bamaze guha akazi BMBC kuva rigitangura gukora ibikorwa vyaryo mu kiringo c’imyaka 10 iheze haba abari mu Burundi canke hanze y’igihugu.
Uwo muyobozi avuga ko ashima kubona ishirahamwe BMBC ryagiye rirahabwa akazi kuva ritanguye gukora bikaba vyararifashije kugira ritere imbere.
Uwo muyobozi avuga ko ashima umwumvikano hamwe no gukorana neza biranga abakozi bo kuri biro hagati yabo hamwe n’abakorera ku mashantiye atandukanye.
Yavuzeko ababa bariko barakorera ku mashantiye canke ku cicaro gikuru baba bariko barakorana kuko bose bakorana mu runani atawusigaye inyuma.
Uwo muyobozi ajejwe ubuhinga muri BMBC atera akamo abakorera ku mashantiye kugamburukira ababarongoye ku mashantiye kuko iyo babagamburukiye baba bagamburukiye ishirahamwe ryose muri rusangi harimwo n’abakiriya baba barihaye ibikorwa