Bujumbura
Bujumbura
Gitega
+257 79 50 02 27 Mon - Fri 09:00 - 17:00 Kigobe Sud, Boulevard MWAMBUTSA, Avenue MURWI B.P 2011 Bujumbura
+257 79 500 227 Mon - Fri 09:00 - 17:00 Etage kwa Kodja(koca) 1èr étage bureau Numero 3, Gitega - Burundi
Bujumbura
Bujumbura
Gitega
+257 79 50 02 27 Mon - Fri 09:00 - 17:00 Kigobe Sud, Boulevard MWAMBUTSA, Avenue MURWI B.P 2011 Bujumbura
+257 79 500 227 Mon - Fri 09:00 - 17:00 Etage kwa Kodja(koca) 1èr étage bureau Numero 3, Gitega - Burundi
Identification Fiscale
NIF 4000126005
The Best
#1 MU KWUBAKA
Numbero #1
Mu Burundi
Saba Devis

Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe BMBC amenyeshako inzu itageretse ishobora kuba ya kijambere iyigeretse itari ya kijambere mu gihe inzu itageretse ifise ibintu vyose vya kijambere iyigeretse nayo idafise ibintu vya nkenerwa vya kijambere.

Mu kiganiro yatanze yavuze ko amazu ya kijambere aba afise uburyo bukoreshwa mu gusuzuma ivyinjira n’ibisohoka  kugira ahantu hagumane umutekano ,inzu iba ikomeye neza ku buryo izoramba ,ifise interenete,igikoni ca kijambere, uburyo bwo kuzimya  umuriro mu gihe wadutse abariyo ya kijambere naho iba itageretse.

Murico kiganiro yavuze kandi ko  inzu naho yoba igeretse itagira interenete,ntigire igikoni ca kijambere ntigire uburyo bwo kubona ibisohoka n’ivyinjira ,ntigire uburyo bwo kuzimya  umuriro mu gihe wadutse ataba ari iyakijambere.

Umuyobozi  wa BMBC yavuze ati :« Abantu barubaka amazu ageretse  adafise  uburyo bwo kubona ibisohoka n’ivyinjira ,ntagire uburyo bwo kuzimya  umuriro mu gihe wadutse ,adafise interenete ntabwo aba ari ya kijambere naho aba igeretse. »

Uwo muyobozi avuga ko mu myaka ya kera uwubatse inzu igeretse akayishiramwo inzu z’ubwiherereho abantu bicarako ico gihe yitwa ya kijambere ariko ubu murino myaka tugezwemwo inzu ya kijambere iba ifise ibindi bigezweho nkivyo vyavuzwe aho hejuru.

Yavuze ko mu bindi bihugu inzu za reta zubakwa n’amashirahamwe menshi atandukanye imwimwe ikubaka igikorwa kimwe ihabwa ku nyubakwa ari gushiramwo amatara kikaba ico gusa izindi zigahbwa ikindi.

Uwo muyobozi yavuze ati :«kubaka ibintu biteye imbere harimwo no kubaka ibindi abantu batarakora.»

Umuyobozi mukuru wa BMBC yavuze ko ishirahamwe BMBC rifise igisata kijejwe gutunganya no gushira mu ngiro inzu za kijambere zigezweho ku buhinga bwa none naho yoba itageretse.

 Yavuze ati : «Turashoboye cane kubaka amazu ya kijambere,ababonye amazu twubaka bavuga ngo turarenze !»

Uwo muyobozi yaheraheje atera akamo abantu bafise uburyo kubaka amazu ya kijambere afise ibintu vya none bigezweho.

About the author

Leave a Reply