Bujumbura
Bujumbura
Gitega
+257 79 50 02 27 Mon - Fri 09:00 - 17:00 Kigobe Sud, Boulevard MWAMBUTSA, Avenue MURWI B.P 2011 Bujumbura
+257 79 500 227 Mon - Fri 09:00 - 17:00 Etage kwa Kodja(koca) 1èr étage bureau Numero 3, Gitega - Burundi
Bujumbura
Bujumbura
Gitega
+257 79 50 02 27 Mon - Fri 09:00 - 17:00 Kigobe Sud, Boulevard MWAMBUTSA, Avenue MURWI B.P 2011 Bujumbura
+257 79 500 227 Mon - Fri 09:00 - 17:00 Etage kwa Kodja(koca) 1èr étage bureau Numero 3, Gitega - Burundi
Identification Fiscale
NIF 4000126005
The Best
#1 MU KWUBAKA
Numbero #1
Mu Burundi
Saba Devis

Ishirahamwe BMBC rimenyeshako hari ibintu vyinshi bigaragaza ko ari ishirahamwe ry’irinyamwuga nko kugira abakozi bakwiye kandi bamaho bitwa aba permanants.

Muri iryo shirahamwe bavuga kandi ko kubona rifise ibisata vyinshi bituma ivyo rizezwa n’abakiriya ribikora neza bigashimwa.

Bimwe mu bisata bigize iryo shirahamwe n’igisata kijejwe gutunganya ivyigwa vy’amazu imbere y’uko yubakwa (BMBC ETUDES ET ARCHITECTURES),igisata kijejwe kwubaka amazu (BMBC CONSTRUCTION),igisata kijejwe kwubaka ibigwati no gutunganya ibisagara (BMBC HOMES).

Ibindi bisata iryo shirahamwe rifise bigaragaza ko ari irinyamwuga ni igisata kijejwe gutwara imizigo hagati mu gihugu canke mu mahanga (BMBC LOGISTICS IMPORT AND EXPORT),igisata kijejwe kubungabunga inyubakwa mu gihe benezo bazirimwo canke atariho bari (BMBC INVESTMENT MANAGEMENT) hamwe n’igisata kijejwe kumenyekanisha amakuru (BMBC BROADCASTING).

Muriryo shirahamwe bavuga ko kubera bakenera abakozi benshi bagize ico bita système américain kikaba ari igisata cigisha ubuhinga bwo kwubaka uhereye ku bakozi baryo.

Mu minsi iri imbere, ishirahamwe BMBC ritegekanya kwubaka ama ateliers kugira ryikorere ibikoresho rikenera kugira ryorohereze abakiriya baryo.

About the author

Leave a Reply