Bujumbura
Bujumbura
Gitega
+257 79 50 02 27 Mon - Fri 09:00 - 17:00 Kigobe Sud, Boulevard MWAMBUTSA, Avenue MURWI B.P 2011 Bujumbura
+257 79 500 227 Mon - Fri 09:00 - 17:00 Etage kwa Kodja(koca) 1èr étage bureau Numero 3, Gitega - Burundi
Bujumbura
Bujumbura
Gitega
+257 79 50 02 27 Mon - Fri 09:00 - 17:00 Kigobe Sud, Boulevard MWAMBUTSA, Avenue MURWI B.P 2011 Bujumbura
+257 79 500 227 Mon - Fri 09:00 - 17:00 Etage kwa Kodja(koca) 1èr étage bureau Numero 3, Gitega - Burundi
Identification Fiscale
NIF 4000126005
The Best
#1 MU KWUBAKA
Numbero #1
Mu Burundi
Saba Devis

Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe BMBC amenyeshako mu mugambi BMBCHOMES2021 amazu agurishwa kubafise amahera yose y’inzu ata deni basavye canke ku bafise guhera ku bice 20 kw’ijana kuduga ayasigaye agasabirwa ideni muri banki ikorana na BMBC muruwo mugambi.

Mu kiganiro yatanze,yavuze ko uwufise yose akenewe uwo nta deni asaba asinya amasezerano inyuma yayo acatanga amahera hama inzu ikubakwa mu kiringo kitarenga amezi 6 gusa.

Uwo muyobozi  avuga ko amazu bagurisha ahera ku miriyoni 150 zirenga gushika hafi ku miriyoni 600 y’amafaranga y’amarundi.

Yavuze ati :«Uwufise amahera yose arashobora kugura inzu ata deni ririmwo,amahera makeyi ashobora gutangwa kugira umuntu yemerwe nk’umuguzi n’ibice 20 kw’ijana vy’igiciro c’inzu yahisemwo.»

Umuyobozi wa BMBC yavuze kandi ko uwufise igice cayasabwa ku nzu yipfuza kugura ashobora gutanga ayo afise agasaba ideni ryayabura ,uwukeneye gukorana n’ibanki nawe imuha ideni ariha 20 kw’ijana  ibice 80 bisigaye akabisabira ideni muri banki ikorana na BMBC muruwo mugambi.

 Uwo muyobozi avuga ko akamaro ko kugura amazu atarubakwa ni vyiza aruko haba hari imigero atahandi iraboneka kandi umuntu ashobora gusaba bagahinyanyura inzu yiwe uko avyipfuza.

Yavuze ati :« Urashobora kuyitumbereza uko ushaka ku kintu cose wipfuza kuko uba uguze inzu itarubakwa.»

Uwo muyobozi yemeza ko ishirahamwe BMBC asanzwe arongoye ariryo rya mbere ryatanguje umugambi wo kubaka amazu asa muri karitiye imwe .

Umuyobozi mukuru wa BMBC aheraheza avuga ko ayo mazu akiriho ataragurwa yose ,uwipfuza kuja muruwo mugambi ahawe ikaze mu kwishikira ku biro kugira ahabwe amakuru yose.

About the author

Leave a Reply