Mugukomeza gukoresha urubuga rwacu, wemera gukoresha kuki ukurikije Politiki yacu ya kuki.
Kwemera
Ishirahamwe BMBC ryemeza ko uburyo bw’abantu bizera iryo shirahamwe kugira ribatunganirize imigambi yabo bukingirwa kandi ko ata kibazo bishobora gutera.


Mu kiganiro umuyobozi w’iryo shirahamwe yatanze ,yavuze ko hariho amabanki akorana na BMBC mu gukingira amahera y’umukiriya kandi ko mu myaka cumi iheze barangurira imigambi abakiriya babajeje amahera ata numwe yidoze ivyo vyose vyemeza ko uburyo bw’abantu bubakira bukingirwa bikwiye. 

Uwo muyobozi yavuze kandi ko amakuru yose ishirahamwe BMBC bariziko kuva rigitangura kubaho yemeza ko ibikorwa vyose ryahawe ryabikoze neza kandi ryabishoboye. 

Uwo muyobozi avuga ko umuntu afata amahera akayakoresha mu bintu bidasuzumwe atamanje kuraba ingaruka bishobora gutera niwe abariko yikorera nabi ubwiwe 



Murico kiganiro yavuze ko yavuzeko igikorwa co kubaka inzu gitwara amahera menshi kubwivyo umuntu imbere yuko aha ivyo bikorwa uwubimukorera akwiye kuraba uburemere bw’uburyo bugoye kwegeranya.

 Muri BMBC bavuga ko kurya uburyo bugora kuronka ariko umuntu akwiye kwitonda no gufata umwanya ukwiye kugira ahitemwo uwo ashobora kuzeza ibikorwa vyiwe. 

Umuyobozi mukuru wa BMBC atera akamo abashaka kwubaka kwizera ishirahamwe BMBC kugira barizeze ibikorwa vyabo gutyo nabo bashobore kubandanya imirimo yabo batarinze kuyihagarika canke gusaba akaruhuko kuko uburyo bwabo bukingirwa bimwe bishimishije.
Ijambo ry'ikaze
Ibikorwa vyo Kubaka
Building & Multi-Business CompanyUburyo bwokutwakura+257 79 500 227info@bmbc.bi Dukora 24/24hQ.Kigobe, Boulevard Mwambutsa, Immeuble Africana House
© 2023 BMBC BURUNDI Design DSCOMPANY