Mugukomeza gukoresha urubuga rwacu, wemera gukoresha kuki ukurikije Politiki yacu ya kuki.
Kwemera
Radiyo na Televiziyo y’igihugu (RTNB) na BMBC GROUP vyemeje amasezerano yo gusangira ikivi. Ayo masezerano azotuma ivyo bigo bihanahana imirimo mu bisata kimw cose gifitiye ubuhinga n’uburambe.



Radio na Televiziyo vy’Igihugu #RTNB igiye gufashanya na sosiyete ya BMBC GROUP isanzwe irimwo igisata c’Ubwubatsi. Amasezerano y’ukwo gufashanya akaba yatewe ko umukono n’abaserukira ivyo bigo kuri uyu wa kabiri 4 Kigarama 2025.

Radio na Televiziyo y’igihugu ikaba yari iserukiwe n’Umuyobozi Mukuru wayo, Faustin Ndayizeye,aherekejwe n’abayobozi bamwunganira, nayo sosiyete ya BMBC Group ikaba yaserukiwe n’Uwujejwe igisata co kumenyesha amakuru n’imigenderanire akaba kandi n’Umuyobozi wa Televiziyo BMBC Broadcasting, Epimaque Buterere Nikobitungwa.



Iruhande yo gufashanya mu vyo ikigo kimwe kimwe gisanzwe gifisemwo ubuhinga n’uburambe hagati ya RTNB na BMBC, ayo masezerano azogirira akamaro igihugu na cane cane mu kumenyekanisha uturorero twiza tw’ingene abarundi na cane cane urwaruka rushobora guteza imbere igihugu, na rirya BMBC Group yashinzwe kandi igizwe ahanini n’urwaruka.

Sosiyete mvyeyi ya BMBC Group igizwe n’amasosiyete 11 harimwo BMBC Construction ifise uburambe bw’imyaka 13 mu gisata c’ubwubatsi, muri kino gihe ikaba ari nayo ifise imigambi myinshi y’ukugwiza uburaro kuruta izindi sosiyete zose zikorera muri ico gisata mu Burundi.



Ayo masezerano yaterewe umukono ku cicaro gikuru ca BMBC GROUP kiri mu Kigobe, mu gisagara ca Bujumbura

Inyuma yo gusinya ayo masezerano, abashitsi baronse akanya ko kwirabira ingene ibisata bitandukanye vya BMBC GROUP bikorera ku cicaro gikuru bitunganya imirimo yavyo. Ivyo ni cane cane ibisata vy’intwaro, ubutunzi n’uguhanahana amakuru, igisata c’ugucapura n’ubuhinga, hamwe na Televiziyo BMBC Broadcasting.



Ijambo ry'ikaze
Ibicapu n'Ivyigwa vy'Inyubakwa
BMBC GROUPUburyo bwokutwakura+257 79 500 227info@bmbc.bi Dukora 24/24hQ.Kigobe, Boulevard Mwambutsa, Immeuble Africana House
© 2023 BMBC GROUP Design DSCOMPANY