Mugukomeza gukoresha urubuga rwacu, wemera gukoresha kuki ukurikije Politiki yacu ya kuki.
Kwemera
Ishirahamwe BMBC ryarangije ibikorwa vyo gusanura ikiraro c’umuserege uri kw’ibarabara rihambaye rihuza amakartiye ya Carama na Gahahe.


Ishirahamwe BMBC ryarangije ibikorwa vyo gusanura ikiraro c’umuserege uri kw’ibarabara rihambaye rihuza amakartiye ya Carama na Gahahe. 
Ico gikorwa kikaba caranguwe mu ntumbero ya BMBC yo gukomeza imigenderanire myiza hamwe no kugira uruhara mu gukuza ukubaho neza kw’ababa hafi y’aho ishirahamwe rirangurira imigambi.  


 
Ico kiraro cubatswe mu buryo buramba kugira ngo kigirire akamaro abenegihugu bose baba mu Gahahe, na rirya ico gice gisanzwe kirangwamwo imigambi myinshi y’inyubakwa z’uburaro bw’imiryango. 

Abantu baba muri co gice ca Gahahe bakaba bashima ico gikorwa cakozwe n’ishirahamwe BMBC risanzwe ririko riraharangurira umugambi w’imbonekarimwe w’uburaro bwa kijambere kandi uzotuma isura ya Gahahe ihinduka.

Ico gikorwa ciyongera ku zindi nyungu zitari nke ababa mu Gahahe bamaze kuronkera ku bikorwa vya BMBC harimwo benshi baronka akazi mu mashantiye ya BMBC kandi kamara igihe kinini.



Ijambo ry'ikaze
Ibicapu n'Ivyigwa vy'Inyubakwa
Building & Multi-Business CompanyUburyo bwokutwakura+257 79 500 227info@bmbc.bi Dukora 24/24hQ.Kigobe, Boulevard Mwambutsa, Immeuble Africana House
© 2023 BMBC BURUNDI Design DSCOMPANY