Mugukomeza gukoresha urubuga rwacu, wemera gukoresha kuki ukurikije Politiki yacu ya kuki.
Kwemera
Igikundiro BMBC rifise rigikesha uburyo ritunganije neza buhuye n'ivyo ishirahamwe ryose rikeneye kuba imboneza ritegerezwa kuba rifise. Muri ivyo harimwo ibisata c'intwaro n'ubuhinga bikora neza, tutibagiye n'igisata co kumenyesha amakuru gitanga ku mwanya mwiza amakuru yose abakiriya bakeneye.

Abakozi b'igisata kijejwe inyubako n'ivyirwa muri BMBC bari mu kazi.

BMBC rifise ibisata bitandukanye harimwo ivy’intwaro n’ugutunganya amafaranga, ikijejwe abakozi, igisata c’ubuhinga bwo gucapa n’ukwubaka. Ivyo bisata vyose bikaba birimwo abahinga babigize umwuga, bagwiriyemwo abakiri bato, bakora batiziganya kugirango imigambi y’abakiriya iranguke mu gihe gito gishoboka, kandi mu buryo bwiza.  



Abakozi bakorera ku mashantiye bari mu bikorwa vya minsi yose.

BMBC ririkwije mu bijanye n’abahinga bakenewe ku ntambwe zose z’imigambi y’ubwubatsi, gushika inyubakwa ziheze.
 
Hamwe n’ivyo, BMBC ryarashinze ibisata vy’ububaji n’ugusudira, mu ntumbero yo kworohereza abakiriya kuko ivyo bakeneye vyose mu gusikura inyubakwa zabo bica biboneka aho nyene kandi bigakorwa ku mwanya muto cane.

Umwe mu bakozi ba BMBC bakora mu gisata co gusudira.


Iyindi ngendo itari imenyerewe cane hano mu gihugu, ni iyo gukorana n’abakiriya bari mu mihingo ya kure harimwo n’abari mu mahanga. BMBC ryarashizeho uburyo bwo kuhana amakuru y’ikibiriraho n’abakiriya bari kure, kugirango bashobore gukurikirana ku mwanya ku mwanya ingene ibikorwa barijeje biriko biragenda. 

Abakozi bo mu gisata c’uguhanahana amakuru n’ubudandaji barakoresha imihora itandukanye, bakarungikira umukiriya amasanamu yerekana aho ibikorwa bigeze, bigatuma bashobora kugira ico baterereye ku vyohinyanyurwa hakiri kare.
Ijambo ry'ikaze
Gutwara abantu n'ibintu
Building & Multi-Business CompanyUburyo bwokutwakura+257 79 500 227info@bmbc.bi Dukora 24/24hQ.Kigobe, Boulevard Mwambutsa, Immeuble Africana House
© 2023 BMBC BURUNDI Design DSCOMPANY