Mugukomeza gukoresha urubuga rwacu, wemera gukoresha kuki ukurikije Politiki yacu ya kuki.
Kwemera
Iyo wizeye BMBC ukarishinga umugambi wawe, uba wikingiye ingorane zijanye n'amategeko, ukaba kandi wirinze gukorerwa ibidashemeye.

Umuyobozi mukuru wa BMBC ariko asigura ivy'umugambi wa BMBCHomes Gahahe.

Umuyobozi w’iryo shirahamwe David Ntamakuriro amenyesha ko rikorana n’amabanki mu gukingira amahera y’umukiriya. Ivyo vyatumye ishirahamwe rikorana neza n’abakiriya ku buryo mu myaka irenga 10 ishirahamwe rimaze ata numwe aridoga ngo umugambi wiwe wagenze nabi. 
Nk’uko kandi uwo muyobozi abivuga, ishirahamwe BMBC riritwararika cane akanovera k’ibikorwa rirangurira abakirya mu gukurikiza amategeko n’ingero zizwi ku rwego rw’igihugu no ku rwego mpuzamakungu mu vyerekeye ubwubatsi, harimwo no kuronka impusha zose zikenewe ku migambi y’ubwubatsi.

BMBC irakorana n’Ikigo OBUHA kijejwe gutuganya ibisagara n’uburaro, hamwe kandi n’ibisata bijejwe amatongo kugirango ntihagire umugambi n’umwe urangurirwa mu matongo ari mu matati.

Abakozi b'ikigo OBUHA bariko bakora ivyirwa vy'ubutaka mw'itongo rya BMBC.

Uwo muyobozi aranakebura abantu bafata amafaranga yabo bakayakoresha imigami y’ubwubatsi badakoranye n’ababigize umwuga hamwe n’inzego zijejwe ico gisata ngo babashe gusuzuma ko ata nkurikizi mbi zishobora gushika muri kazoza. 

Ivyo bikajana n’uko hari benshi baha ibikorwa vy’ukubaka inyubakwa z’imiryango canke rusangi batari abanyamwuga. Ku bw’umuyobozi wa BMBC, kwubaka inzu bitwara amahera menshi, bigasaba rero ko abipfuza kwubaka bose bahanuza kandi bagaha imigambi abanyamwuga. 

Umuyobozi mukuru wa BMBC atera akamo abashaka kwubaka kwizera ishirahamwe BMBC kugira barizeze ibikorwa vyabo, kuko rishobora kubatunganiriza imigambi bagashima, n’aho boba batari hafi y’aho iyo migambi.

Atanga akarorero k’abarundi benshi ishirahamwe rimaze kubakira amazu bibereye mu mahanga, bakaza basanga zaruzuye batigeze bahonyora kuri shantiye na rimwe.
Building & Multi-Business CompanyUburyo bwokutwakura+257 79 500 227info@bmbc.bi Dukora 24/24hQ.Kigobe, Boulevard Mwambutsa, Immeuble Africana House
© 2023 BMBC BURUNDI Design DSCOMPANY