

Ikiringo
c’ici ryo muri uwu mwaka w’2025 kizoba intibagirwa muri kahise ka sosiyete ya
BMBC Group. Ico kiringo kikaba cagenewe isekeza ryo gushikiriza abakiriya amazu
yabo, cane cane mu bigwati vy’uburaro bwa kijambere vya Gahahe, Tenga, Miroir
ya 1 na Miroir ya 2.
Mu ci niho Abarundi benshi baba mu mahanga baza mu gihugu c’amavukiro, baba abaje mu karuhuko, gushinga canke gukurikirana imigambi itandukanye, hamwe n’ibikorwa vyama bitunganywa na Reta uko umwaka utashe bigenewe uwo muce w’Abarundi. Abakiriya rero batari bake bakaba bamaze kwinjira mu mazu muri ico kiringo, inyuma y’ibikorwa vy’ijoro n’umurango vyo kumarira amazu yabo hisunzwe amasanga aba yarumvikanyweko. Iryo sekeza ryo gushikiriza amazu rikaba kandi riraba n’abakiriya BMBC Group yubakiye amazu mu matongo yabo mu mihingo itandukanye.
Mu gihe benshi mu bakiriya bubatse ku madeni y’amabanki akorana na BMBC Group, iryo sekeza ryatanguriye ku gikorwa co gusigurira abakiriya canke ababaserukira ingingo n’ingendo zijanye n’ugushikirizwa amazu hamwe n’ukuba mu bigwati vya BMBC Group. Muri izo ngingo harimwo ivyerekeye ingene bariha neza amadeni hakurikijwe indinganizo yashinzwe, kugirira inyubakwa ubwishingizi hamwe n’ingendo zijanye n’umubano mwiza n’abandi babanyi.

Ivyo
biganiro vyaritabwe n’abaserukira ibanki BGF ishigikiye imwe mu migambi
y’Uburaro ya BMBC Group kugirango batange insiguro ku bijanye n’ingene
abakiriya bazobandanya kuriha neza amadeni yabo. Hari kandi n’abaserukiye
sosiyete y’ubwishingizi ya SOCCAR, bakaba baboneyeho n’ugutanga amakuru ajanye
n’ibikorwa vy’ubwishingizi cane cane ubwerekeye amasanganya y’umuriro.
Ibigwati vya BMBC Group vyitiriwe Diyaspora birimwo vyose hamwe uburaro bwababa igihumbi, ikaba ariyo migambi yambere minini kandi ya kijambere muri kahise k’Uburundi. Imigambi yo kukwiza uburaro yatanguriye ku mugambi wa Diyaspora City Gahahe mu mpera z’2021. Uwo mugambi ufise hafi uburaro 100, kandi ukaba ari nawo urimwo abakiriya benshi bamaze gushikirizwa amazu.
Ibigwati vya Diyaspora vya BMBC Group bitunganijwe mu buryo bwo kusanisha inyubakwa zirimwo. Harategekanijwe kandi indinganizo yo gucungera umutekano w’abantu n’ibintu, ivyerekeye isuku n’isukura, hamwe n’ingendo zizofasha gukomeza umubano mwiza ku baba mu kigwati bose.

Ibigwati
bizoba bifise ibibanza rusangi bizofasha ababa mu kigwati kimwe kimwe cose, eka
mbere n’ababa mu micungararo yaco kuronka ivya nkenerwa canke ibikorwa bimwe
bimwe. Aho twovuga uburaro mu mahoteri, ibibanza vyo kuruhukiramwo, amaduka,
uburiro, amasaro, n’ibindi.