Sosiyete y’ubwubazi ya #BMBC Construction niyo yahagarikiye ivyigwa vy’ubuhinga vy’umugambi w’uburaro bw’abakozi bo mu bushikiranganji bw’abakozi ba Reta, abakozi n’akazi.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ashira ahabona uwo mugambi kw’igenekerezo rya 18 Ntwarante 2025, umushikiranganji w’abakozi ba Reta, abakozi n’akazi, Venuste Muyabaga, yahishuye ko ubwo bushikiranganji bwafashe ingingo yo gushinga uwo mugambi sosiyete ya BMBC Construction bumaze kwihweza uburambe bwayo n’ibikorwa bihambaye iyo sosiyete imaze kurangura mu Burundi.
Nk’uko umushikiranganji Muyabaga yabisiguye, uwo mugambi w’uburaro ufise intumbero yo gushigikira abakozi ba Reta kugirango ukubaho kwabo kwisununure, ivyo navyo bikazotuma bakora bagononekewe kandi barwize umwimbu. Uwo mugambi kandi uzofasha mu gusununura ubuzima bw’abakukuruke mu kubaronsa uburaro bushemeye. Uwo mugambi kandi uzokwiraragizwa no mu bundi bushikiranganji.
Muri uwo mugambi, hazokwubakwa amazu 400 ku biciro bigendeka mu gisagara ca Bujumbura, n’amazu 200 yo mu gihugu hagati. Uwo mugambi uzorangurwa biciye muri koperative ihurikiyemwo abakozi b’ubwo bushikiranganji, ukazoshigikirwa n’Ibanki yishinze guteza imbere uburaro (Banque de l’Habitat du Burundi, BHB) hamwe n’abandi bafatanyabikorwa.
Iruhande y’amazu agenewe imiryango, ibirwati vyateguwe muri uwo mugambi bizoba birimwo ibibanza ibinyubakwa bihuriramwo abantu benshi harimwo, amashure, ihoteli, ibibanza vyo gukiniramwo n’ibibanza vyo kuruhukiramwo.
BMBC Construction ni ishami rya sosiyete ya BMBC Group, rijejwe ivyigwa n’ibikorwa vy’ubwubatsi kuva mu mwaka w’2012.Uretse imigambi y’amazu y’abakiriya bubaka mu matongo yabo, ubu ririko rirangura imigambi minini y’uburaro bwa kijambere itari bwaboneke mu Burundi Burundi, harimwo Diaspora City Gahahe, Diaspora City Miroir I na II, na Diaspora City Tenga.