Mugukomeza gukoresha urubuga rwacu, wemera gukoresha kuki ukurikije Politiki yacu ya kuki.
Kwemera
Ikompanyi ya BMBC iriko irarangura umugambi rutura wo kugwiza uburaro, ukaba ari nawo wagutse umaze kuboneka mu Burundi muri iyi myaka ya vuba. Aho mw’i Tenga naho hakaba hafise amahirwe menshi yo kuba akarere rurangiranwa k’ivyashara mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura.


Umugambi wa BMBC HOMES Tenga uriko ukorerwa mu karere ka Tenga, hakurya y’uruzi Gikoma ruca mu buraruko bw’imitumba ya Gahahe na Gasenyi hasanzwe hubatswe ikirimba c’Umukuru w’Igihugu, kwa Ntare Rushatsi.

Iruhande y’uko hasanzwe hegereye ibarabara ry’igihugu ry’9 (RN9) rihuza Bujumbura n’ibisagara vya Bubanza na Kayanza, hakongera kakaba hari mu burere buharawe cane n’imiryango yipfuza kwubaka uburaro bwa mbere, ako karere kariko karongerezwa igihagararo n’umugambi wo gukatisha ibarabara ry’igihugu RN1 rizomanuka ryisunga uruzi Gikoma gushika kw’ibarabara ry’igihugu RN9.

Igihe uwo mugambi wo gukatisha RN1 worangira, bizokworoha n’uguhuza kartiye ya BMBC Homes Tenga n’iryo barabara rya RN umuntu atarinze guhinguka kuri RN9.

Mu gihe kandi bivugwa hashobora kwubakwa igituro gikuru kandi ca kijambere c’amabisi aja mu gihugu hagati canke mu bindi bihugu, amasanganzira y’amabarabara RN1 na RN9 azotuma ako karere kwose kaba rurangiranwa mu budandaji n’ubutunzi, mu gice co mu buraruko bw’Umugwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura, gasanganywe ibakwe ridasanzwe ryo kubamwo ikirimba c’Umukuru w’igihugu.



Vyongeye, igihagararo c’akarere ka Tenga kazorushiriza kuduga na cane cane mu gihe hoshirwa mu ngiro wa mugambi wo kwubaka ibarabara ry’indarayi rizohuza Tanzaniya, Uburundi n’igihugu ca Kongo riciye mu buraruko bwa Bujumbura. Nta nkeka iryo barabara rizojana n’ukwubaka igituro gihambaye c’itereni, ivyo navyo bikazotuma ibikorwa vy’urudandazwa n’ukwunguruza abantu n’ibintu vyiyongera.

Biraboneka ko kazoza k’igisagara ca Bujumbura kari mu karere ka Tenga. Abahafise inzu canke bariko barahubaka bicaye ku gahiye.

Building & Multi-Business CompanyUburyo bwokutwakura+257 79 500 227info@bmbc.bi Dukora 24/24hQ.Kigobe, Boulevard Mwambutsa, Immeuble Africana House
© 2023 BMBC BURUNDI Design DSCOMPANY