Ishirahamwe BMBC risanzwe rifise ibisata vyinshi bitandukanye ariko biratunganya ibikorwa bikagenda neza ata ngorane ihabaye bigatuma abakiriya barishima.
Umuyobozi mukuru wa BMBC avuga ko umwanya ari ikintu gikomeye ari naco gituma bafashe umwanya wo kubaka ishirahamwe kugira rishike ku ntambwe nziza riigezeko.
Uwo muyobozi avuga ko ibintu vyose bibasaba akigoro no,kwitanga kandi ubuyobozi bukuru burafasha kugira bategure abakozi bose b’ivyo bisata mu kubakarihiriza ubumenyi kugira ibikorwa vyabo mu bisata barimwo bigende neza.
Mu kiganiro yavuze ko bitegurira ubwabo abakozi bakabaha ubumenyi ubwabo kugira bashitse mu kazi mu bisata vyabo bashobore gukore neza.
Uwo muyobozi atera akamo abakozi arongoye kuguma biga kugira bashobore gushika ku ntumbero y’ishirahamwe kandi umwe wese akore neza ibikorwa aba yashinzwe kugira abakiriya batunganirizwe neza.