Umwe mu bakozi b’ishirahamwe BMBC amenyeshako kuva ashitse mw’ishirahamwe BMBC amaze kuronka akarusho kanini kuko aronswa umushahara ukwiye ku bikorwa aba yatunganije muriryo shirahamwe.
Mu kiganiro n’ikinyamakuru BNP yavuze ko yize ibijanye n’ivyo guhagararira ibikorwa mw’ishure ariko ashitse muri BMBC yaciye amenyerezwa atangurira kubufundi kugeza aho ubu asigaye ahagararira inyubako ziriko zubakwa.

Uwo mukozi yavuze kandi ko yateguwe mu kiringo c’imyaka ibiri mw’ishirahamwe BMBC aho murico gihe yahawe ubumenyi mu bintu vyinshi bitandukanye bijanye no kubaka.
Murico kiganiro yongeye ko amaze kwungukira muri BMBC ibintu vyinshi na cane cane ibijanye no kwibeshaho mu gihe ataraza muriryo shirahamwe ubuzima butari bwifashe neza kuriwe.
Muri kazoza uwo mukozi avuga ko ategekanya gushinga umuryango wiwe kandi yipfuza gushobora guhagararira amashantiye menshi icarimwe