Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe BMBC atera akamo abakurikirana iryo shirahamwe kutigerezako mu migambi y’ibikorwa bijanye no kubaka inyubako zitandukanye.
Uwo muyobozi wa BMBC avuga ko hariho abakiriya bakwepa iryo shirahamwe inyuma yo kuryitura bakaja kurondera abadashoboye no guharura uburyo bukenewe.
Uwo muyobozi yavuze ati:”Baradukwepa bakaja kurondera uwundi muntu adashoboye guhahuranivyo twebwe twaharuye.”
Yongeye kandi ko hariho ababitura inyuma yo kuronka amakuru y’ukuri bakaca bagenda kurondera abafundi ataco bobafasha.
Uwo muyobozi avuga ko hari abareka kubaha ibikorwa kubera bababonye ku mbuga ngurukanabumenyi hamwe n’abatinya ibiciro baba babonye.
Uwo muyobozi avuga ko BMBC ifise uburambe kuko buri munsi iba ifise inyubako iba iriko irubakwa kandi abakozi bayo nabo bamenya ibiciro vy’ibikoresho buri mwanya buri mwanya.
Umuyobozi mukuru wa BMBC atera akamo abantu kwizera iryo shirahamwe rikabatunganiriza ivyo bipfuza naho boba batariho.