Umwe mu bakozi b’ishirahamwe BMBC arashimira abakiriya batanga akazi kuriryo shirahamwe kuko bituma abakozi baryo babaho mu gutunga imriyango yabo.
Mu kiganiro n’igisata kijejwe gutanga amakuru aho camusanze ku nyubakwa bariko bubaka,yavuze ko barashimira abakiriya batanga akazi mw’ishirahamwe BMBC kuko bituma abakozi bahungukira mu miryango yabo mu buryo bwo kubaho.



Mu gihe iyo nyubakwa baheruka bariko babetona urusenge rwa mbere,ubu bariko ibikorwa vyabandanirije ku rundi rusenge rugira kabiri inyuma yaho bakazoca baduza izindi mpome biheze basakare hamwe no guherehaeza ibikorwa vya nyuma.
Uwo mukozi w’ishirahamwe BMBC atera akamo abantu gukurikirana ibikorwa vy’iryo shirahamwe kugira inyuma yo kwibonera uko rikora bashobore kuriha akazi kuko rikora ibintu vyiza.