Ishirahamwe BMBC ryemeza ko rifise uburambe mu bikorwa bijanye no kwubaka amazu atandukanye kuko ibikenewe vyose kugira batunganye ivyo bikorwa babifise.
Mu kiganiro umuyobozi w’iryo shirahamwe yavuzeko iryo shirahamwe rivugwa neza n’abariha akazi haba abari hagti mu gihugu eka nabari y’igihugu.

Uwo muyobozi yavuze ko ishirahamwe BMBC riguma riri hafi y’ibikorwa riba ryahawe n’abakiriya ivyo bigatuma riguma rironka akazi kubera ubwo burambe n’ubwizigirwa bwaryo.
Muriryo shirahamwe bavuga ko kubera ubu rimaze gushinga ibisata bitandukanye ivyo vyose bigaragaza uburambe bwaryo mu kwubaka kuko ata shirahamwe ryobishikako ritaragira uburambe