Bujumbura
Bujumbura
Gitega
+257 79 50 02 27 Mon - Fri 09:00 - 17:00 Kigobe Sud, Boulevard MWAMBUTSA, Avenue MURWI B.P 2011 Bujumbura
+257 79 500 227 Mon - Fri 09:00 - 17:00 Etage kwa Kodja(koca) 1èr étage bureau Numero 3, Gitega - Burundi
Bujumbura
Bujumbura
Gitega
+257 79 50 02 27 Mon - Fri 09:00 - 17:00 Kigobe Sud, Boulevard MWAMBUTSA, Avenue MURWI B.P 2011 Bujumbura
+257 79 500 227 Mon - Fri 09:00 - 17:00 Etage kwa Kodja(koca) 1èr étage bureau Numero 3, Gitega - Burundi
Identification Fiscale
NIF 4000126005
The Best
#1 MU KWUBAKA
Numbero #1
Mu Burundi
Saba Devis

Nabahaye ibintu kandi tutazinanyi ariko babikoze neza cane.

Ishirahamwe BMBC risanzwe ryubakira abantu batandukanye kandi bari mu mihingo itandukanye y’isi. Rero benshi muri bo canke mbere bose usanga twagiye turahurira kuri internet. Bisigura ko tutaba turabonana amaso mu yandi. Muri iyo ntumbero nyene turafise, umukiliya wacu tumaze imisi dukorera ivyirwa vy’inyubakwa yiwe naho tutari bwabonane, uyu musi ku wa 08/09/2021 akaba yari yishikiye dusanzwe dukorera.

Abakozi ba BMBC bari kumwe n’umukiliya.

Ahanini akaba yari yaje kuraba ibikorwa vyiwe aho bigeze, akaba yakengurutse cane. Maze aca aboneraho n’akaryo ko gutera akamo abandi bantu bataritura ishirahamwe BMBC, ko batokwumviriza amajambo y’ibihuha ahubwo bakwiye kwegera ishirahamwe bashaka ko ribubakira akaba ari ryo bivuganira. Yatumenyesheje kandi ko yahimbawe cane n’ukuntu twakoranye, aca yongerako kandi ko kiretse utwo wewe yagiye arashaka guhinyanyura ubundi bwo ivyo twamukoreye ni vyo nyene yari akeneye.

Ikindi naco ni uko yaturonkeje ibikorwa tutazinyi ariko yasanze twabikoze nk’uko yashaka. Nk’uko twabivuze aho haruguru tuvuze ko tutazinanyi na kanaka, bisigurako tutaba turabonana amaso mu yandi kuko tuba tuyaga biciye k’ubuhinga bwa none gusa.

Twobibutsa kandi ko imbere yo kwubaka inzu, twama duhimiriza abantu gukoresha ivyirwa ku bahinga basanzwe babikoreramwo kandi babigize umwuga. Rero imbere yo gutangura gushira mu ngiro imigambi yanyu yo kwubaka mwame mukoresha ivyirwa kuko ari ngirakamaro.

About the author

Experienced Repair Specialist with a demonstrated history of working in the architecture & planning industry. Skilled in Meters, Blogging, Adobe Premiere Pro, Interior Design, and ArchiCAD. Strong operations professional with a High School Diploma focused in Génie civil from ETP Gitega.

Leave a Reply