Bujumbura
Bujumbura
Gitega
+257 79 50 02 27 Mon - Fri 09:00 - 17:00 Kigobe Sud, Boulevard MWAMBUTSA, Avenue MURWI B.P 2011 Bujumbura
+257 79 500 227 Mon - Fri 09:00 - 17:00 Etage kwa Kodja(koca) 1èr étage bureau Numero 3, Gitega - Burundi
Bujumbura
Bujumbura
Gitega
+257 79 50 02 27 Mon - Fri 09:00 - 17:00 Kigobe Sud, Boulevard MWAMBUTSA, Avenue MURWI B.P 2011 Bujumbura
+257 79 500 227 Mon - Fri 09:00 - 17:00 Etage kwa Kodja(koca) 1èr étage bureau Numero 3, Gitega - Burundi
Identification Fiscale
NIF 4000126005
The Best
#1 MU KWUBAKA
Numbero #1
Mu Burundi
Saba Devis

Umuyobozi ajejwe ivy’ubuhinga mw’ishirahamwe BMBC amenyeshako muriryo shirahamwe yatanguye akora imyimenyerezo ijanye no  kubaka, gutunganya imirimo hamwe n’ibijanye no gukurikirana ibikorwa vy’inyubako.

Mu kiganiro n’igisata kijejwe kumenyesha amakuru c’ishirahamwe BMBC aho camusanze ku nyubakwa yariko akwirikirana, yavuze ko agiheza amashure atari gushobora gutangura ako kazi atabanje kuronka imyimenyerezo.

Uwo muyobozi mukuru ajejwe ubuhinga muri BMBC avuga ko mu mashure yize ibijanye n’inyubako vyamufashije kumenyera vyihuse imyimenyerezo bamuronkeje.

Mu bintu yamenyerejwemwo nibijanye no kwiga kubaka,kwiga ivyo gutunganya imirimo,ivyo gukurikirana ibikorwa,ivyogukoresha imashini nyabwonko mu bintu vy’inyubako, gutunganya imigero y’amazu,hamwe n’ibijanye o guharura ibiciro inzu ishobora gutwara.

Uvuga  ko ashimira iryo shirahamwe kuko ryamufashije gushira mu ngiro (pratique) ivyo yari yize mw’ishure.

Uwo muyobozi yemeza kandi ko muri BMBC bamenyereza gukora ibikorwa vyinshi bitandukanye mu ntumbero yo gushobora guterera muri buri gisata.

Umuyobozi mukuru ajejwe ubuhinga muri BMBC atera akamo abantu kwama bizera iryo shirahamwe mu kurironsa akazi kuko ritunganya imirimo yahawe neza.

About the author

Leave a Reply