Umugambi w’ishirahamwe BMBC wiswe izina rya BMBCHOMES2021BUJUMBURA-GAHAHE n’umugambi mwiza uteye igomwe uriko urangurirwa mu kibanza ciza kiri ahantu hateze aho bita mu Gahahe impande ya karitiye Carama hafi y’ibarabara rikuru ry’igihugu inimero 9.
Uwo mugambi wa BMBC HOMES2021BUJUMBURA-GAHAHE waramaze gutangura kandi amazu Atari make muriyo aramaze kugurishwa.






Uwo mugambi kandi ugizwen’ amazu meza azimbutse kandi ya kijambere ,ikibanza arimwo kikaba cegereye akarere ka Tenga kazohuriramwo amabarabara y’igihugu nimero ya mbere (RN1) hamwe n’ibarabara ry’igihugu inimero 9 (RN9 ).
Uturusho turi muruwo mugambi mushasha mu gihugu c’Uburundi ni twinshi cane,abipfuza kuja muruwo mugambi basabwe kwegera ishirahamwe BMBC kugira ribamenyeshe ibisabwa vyose.