Muri BMBC hariho ishure ryama ririko riratanga ivyigwa igihe cose biba bibaye ngombwa, abatari bake baramaze kwungugikira k’ubumenyi bakuye muri iryo shure twokwita ko ari iry’akarorero kuko ivyirwa bihatangirwa ata handi hantu na hamwe woshobora kubironkera.
Ivyo bikaba bituma mu gutanga akazi muri BMBC ata kamwana wa mama kajamwo, kuko ishirahamwe rikoresha systeme ryisangije mu gukora ikaba yitwa système américain (canke american system mu congereza) ivyo bigatuma abitura iryo shirahamwe baronka ivyo basavye mu mwanya nyene bari biteze.



Kimwe mu bisabwa kugira ushobore kuba umukozi w’iryo shirahamwe ni uko uba witeguriye kubandanya wiga ubuhinga bushasha ni naco gisabwa nyamukuru. Igihe twabaza Umuyobozi Mukuru wa BMBC ukuntu abona abo bakorana yatubwiye ati:” Tugihura n’ aba bagenzanje narabona ko bazovamwo abakozi bashoboye Naho Bo batavyemera. Ubu Iyo nibutse ubushobozi bafise numva nezerwa caane.Vyose tubikesha umutima wabo wo kwizigira umuyobozi bakongera bakamushigikira.”