Kuri uyu wa Kane umuyobozi wa #BMBC yagendeye a machantier atandukanye kugira atere intege bagenzi bacu bari kuri ayo #machantiers yongere abafashe gufata ingingo zotuma bibandanya bigenda neza. Urwo rugendo rero yaruhereye kuri chantiers iri mu ntara ya #Rumonge aho yamaze umwanya yunganira ivyiyumviro bagenzi bacu bakorera yo. Munyuma bafashe agafoto bari kumwe n’abakozi canecane ko Iyo bagendewe n’ Umuyobozi wa BMBC usanga umunezero wabarenze .
Aho #Rumonge rero Murashobora kubona umunezero bagenzi bacu bari bafise bari kumwe n’ Umuyobozi wa BMBC Uravye kuri iyi foto. Yaciye abasaba gukorana umwete kuko mundwi iza Iyo nzu dushaka ko izoba isakaye. Kugira nyene kutuzeza ibikorwa ashobore gukoresha Iyo nyubakwa vuba hashoboka. Kuri Iyo chantier mu #Rumonge umuyobozi wa #BMBC Niwe yashize kumeza yongera arasangira na Bagenzi bacu bahakorera.
Akaba yabashimiye ukuntu aba nya #Rumonge babangutse kukazi aca anabemerera ko ishirahamwe BMBC rizoguma ribaronsa ivyo bakeneye kugira imirimo ntihungabane.Muri urwo rugendo kandi umuyobozi wa #BMBC yasiguriye mugenzi wacu ukuntu yipfuza ko imirimo ibandanya yongera arifatanya na bagenzi bacu kujisha #ivyuma imbere yo gufata agafoto n’abo bagendanye.
Akaba yabashimiye ukuntu aba nya #Rumonge babangutse kukazi aca anabemerera ko ishirahamwe BMBC rizoguma ribaronsa ivyo bakeneye kugira imirimo ntihungabane. Muri urwo rugendo kandi umuyobozi wa #BMBC yasiguriye mugenzi wacu ukuntu yipfuza ko imirimo ibandanya yongera arifatanya na bagenzi bacu kujisha #ivyuma imbere yo gufata agafoto n’abo bagendanye.
Avuye aho #Rumonge, umuyobozi wa BMBC yaciye aja kuraba iyindi chantier aha #Bujumbura aho agenzi bacu bariko basasa igisenge kigira kabiri. Yaberetse aho bokosora yongera Arabasaba kwongereza inguvu kuko nyene inzu ayikeneye vuba. Avuye ngaho yagendeye iyindi chantier aho turiko twubaka inzu yo mu kuzimu (cave) akaba Naho nyene ya basavye kunyarutsa kuko intambamyi zahavuye zatuma batihuta zahavuye.