Ishirahamwe BMBC rimenyeshako mu mugambi wa BMBCHOMES urimwo uturusho twinshi ufatiye uko amazu yaho azimbutse kandi bazosanga aheze mu gihe abenshi binjira inzu i Bujumbura zitarahera.
Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe BMBC avuga ko izo nzu zizoba ziri mu kibanza ciza kandi muri karitiye izimvye kandi borohereje abantu b’ ubushobozi butandukanye mu gushiraho amazu y’imice itandukanye atanganya ibiciro.
Uwo muyobozi avuga ko amazu yaho azimbutse kuko ata karitiye imeze nkayo woshobora kuronkaho amazu azimbutse nkayo muri BMBCHOMES.
Bimwe mu bizoba biri murico kibanza ca BMBCHOMES n’inzu za kijambere kandi zitunganije ku buryo bwa none kandi ikibanza kizoba kirimwo amazi,amabarabara n’umuyagankuba.
Ibindi bizoba biri murico kibanza ni uburyo bwa fibre optique, kamera zo gucungera umutekano n’uburyo bwo guhanahana amakuru hagati yabari mu nzu imwe.
Uwo muyobozi avuga ko amazu bafise umuntu arashobora kuyibamwo n’umuryango canke akayakoresha mu bijanye n’urudandazwa bivanye nintumbero yiwe yihaye.
Kubijanye nuko ayo mazu agurwa,uwuhejeje gusinya amasezerano y’ubuguzi atanga ibice 20 kw’ijana vy’igiciro c’inzu inyuma yaho ibanki icitanga uburyo inzu yiwe yubakwe.
Umuyobozi mukuru wa BMBC aheraheza amenyeshako inyuma y’amezi 6 y’inyuma y’amasezerano azoca yinjira inzu acatangura kuriha ku kwezi ku kwezi mu kiringo c’imyaka 10.